1 Habonekaho ikashe kinini mu ijuru: " ndeba umugore wifgoroshe izuba, ukwezi kwari kuri musi y'ibirenge bye, kandi ishapo y'inyenyeri yari k'umutwe gwe. Yari afite inda . 2 Kandi yari ari gutaka, yaramutswe kandi arikuribwa n'ibise. 3 Ikindi kimenyetso congera kuboneka mu ijuru; reba, cari kiri ikiyoka c'urutuku, gifite ibihanga birindwi n'amahembe icumi, no ku mitwe amashapo g'icubahiro. 4 Umurizo gwaco gwakururaga kimwe ca gatatu c'inyenyeri zo mu ijuru, kizijugunya (kiziroha) kw'isi. Ico kiyoka cari gihagaze imbere y'uwo mugore wari ugiye kubyara, kurindiriye kumira bunguri umwana we, namara kubyara. 5 Abyara umwana w'umuhungu, ugomba kuragira amahanga gose agaragije inkoni y'icuma. Nuko aganishwa ku Imana no ku ntebe yayo y'ubwami. 6 Uwo mugore ahungira mu ubutayu, ahantu hari hateguwe n'Imana, kugira ngo agaburirwe mu misi igihumbi na magana abiri na mirongo itandatu. 7 Maze haba intambara mu ijuru. Mikaile n'abamalaika be barwanya ico kiyoka. Nuko ico kiyoka n'abamalaika baco bararwana. 8 Ariko ntaho batsinze kandi ikicaro cabo ntaho congeye kuboneka mw'ijuru. 9 Nuko ico kiyoka kinini (gikuru) inzoka ya kera, yitwa umushukanyi na Shetani, yayindi yayobeje isi yose, kijugunywa ku isi, n'abamalaika baco bajugunywa hamwe naco. 11 Bamutsindishije amaraso g'Umwana w'Intama kubera ijambo ry'ubuhamya bwabo, kandi ntabwo bakunze ubugingo bwabo kugez'aho barigutinya urupfu. 12 Kubw'iyo mpamvu, mwishime mwa juru mwe, namwe abatuye mu majuru. Isi ibonye ishano n'ingezi kuko wa mushukanyi ateremutse arikuja kubasanga (aje iwanyu) afite umujinya kangari, kuko azi ko afite igihe gikeya. 13 Igihe ico kiyoka kibonye ko cajugunywe kw'isi, gikurikira wa mugore wari amaze kubyara umwana w'umuhungu. 14 Kandi Imana iha amababa abiri ya ca gisiga kinini uwo mugore kugirango aguruke aje m'ubutayu, ha handi azagaburirwa igihe, na kimwe ca kabiri c'igihe, kure y'amaso y'inzoka, aho ico kiyoka kidashobora kumushikira. 15 Kuva mu kanwa kayo, inzoka amena amazi nk'uruzi inyuma ya wa mugore ngo atembanwe n'urwo ruzi. 16 Nuko isi iyamba (ifasha) wa mugore nuko ifungura akanwa kayo (irasama) maze imira rwa ruzi ikiyoka cari caciriye kuva mu kanwa kaco. 17 Nuko ca kiyoka kirakarira uwo mugore, kija kurwanya wa mugore, kandi kija gutez'intambara kubasigaye b'urubyaro rwe, abacitondera amategeko g'Imana kandi bagifite ubuhamya bwa Yesu. 18 Nuko ca kiyoka gihagarara ku mushike gw'ingezi.